Uko wahagera

Abantu 26 Bishwe na Nyamugigima mu Burengero bwa Afuganistani


Peshawar Hospital
Peshawar Hospital

Abantu bashika kuri 26 bishwe na nyamugigima yateye mu burengero bwa Afuganistani kuri uyu wa mbere.

Umuvugizi w’intara ya Badghis, Baz Mohammad Sarwary, yavuze ko abo bantu bapfuye baguweko n’igisenge c’inzu mu karere ka Qadis, mu burengero bw’iyo ntara. Abagore batanu hamwe n’abana bane bari mu bahitanwe n’iyo nyamugigima, nkuko Sarwary, yabivuze.

Ikigo ca Amerika kijejwe kugendereza imitingito y’isi, cavuze ko iyo nyamugigima yari ku rugero rwa manyitide 5.3.

Afuganistani isanzwe iri mu bihe abanyagihugu babayeho mu bukene, inyuma y’aho Abatalibani bashikiye ku butegetsi, mu nyuma ibihugu vyo mu burengero bw’isi bica bihagarika imfashanyo mvamakungu hamwe n’amatungo igihugu gifitiye mu makungu.

Iyi nyamugigima ikurikiye iyabaye mu 2015, yahitanye abantu 280. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG