Uko wahagera

ONU Isaba Kubahiriza Agateka ka Muntu muri Afuganistani


Komiseri mukuru wa ONU ku gateka ka zina muntu, Michelle Bachelet.
Komiseri mukuru wa ONU ku gateka ka zina muntu, Michelle Bachelet.

Raporo ya ONU kuri Afuganistani ivuga ko intambara hamwe n’ibitero ku basivile vyagabanutse kuva Abatalibani bashitse ku butegetsi mu kwezi kwa munani umwaka uheze. Ariko iyo raporo ivuga ko agateka ka muntu ku banyefuganistani benshi gahungabanwa birenze.

Ivuga ko ubwicanyi ndengerabutungane ku bahoze muri reta, barimwo abacamanza, abashingwamanza cane cane abo igitsina gore bubandanya.

Komiseri wa ONU ku gateka ka muntu, Michele Bachelet, yavuze ko Abatalibani bishe abaharanira agateka ka muntu, abakora mu bimenyeshamakuru, abandi nabo barafungwa no kuzimanganwa.

Michele Bachelet avuga ko hambavu y’ayo mabi, abantu hafi imiriyoni 20, ica kabiri c’abanyefuganistani bahanzwe n’ikigoyi. Ibi vyatumye abana bakoreshwa, bashingirwa bakiri bato ahandi bakagurishwa kugira baronke ivyo bafungura.

Ambasaderi wa Afuganistani muri ONU i Geneve avuga ko igihugu ciwe gihanzwe n’ibihe bitoroshe, kandi ko gukingira abanyefuganistani bikwiye gushirwa imbere ya vyose mu bikorwa vy’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG