Uko wahagera

Ubushinwa Busabwa Kwemera Amatohoza mu Ntara ya Xinjiang


Aba Uyghurs hamwe n'ayandi moko bariko barasengaku musigiti w'i Kashgar mu burengero bwa Xinjiang.
Aba Uyghurs hamwe n'ayandi moko bariko barasengaku musigiti w'i Kashgar mu burengero bwa Xinjiang.

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu kuri uyu wa gatatu yasavye Ubushinwa kwemera umukuru w’ikigo ca ONU kijejwe agateka ka mungu kugendera intara ya Xinjiang gutohoza ku kuntu ubwoko bw’abayisilamu b’aba Uyghur hamwe n’izindi nkehwa z’abayisilamu zimerewe.

Uwo mutegetsi w’ico kigo, Michelle Bachelet, yamye asaba Ubushinwa kumwemerera kwinjira muri Xinjiang. Mu mpera z’ukwezi kwa kabiri, reta y’Ubushinwa yavuze ko yamutumiye, ariko urwo rugendo ntirwabaye.

Bachelet hamwe n’abandi bahinga muvy’agateka ka muntu bakeneye gutohoza kuri ubwo bwoko buvugwa ko bucunaguzwa, aho n’abakenyezi bategekwa kwifunga kuvyara muri iyo ntara yo mu buraruko bushira uburengero bw’Ubushinwa.

Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze ko ibiba kuri abo banyagihugu ari ihonyabwoko. Amerika yarafatiye ibihano abategetsi batari bake b’Ubushinwa mu kwezi kwa gatatu, mu nyuma ubumwe bwa Buraya nabwo bukora uko nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG