Uko wahagera

ISIS Yagenye Indongozi Yayo Nshasha


Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu kuri uyu wa kane wemeje urupfu rw’umukuru wawo Abu Ibrahim al-Qurashi, inyuma y’ukwezi yishwe. Uwo muhari waciye ugena uwumusubirira, Abu Hasan al-Hashemi al-Qurashi.

Nta vyinshi bizwi kuri uyu mutegetsi mushasha, agize uwa gatatu agiye kurongora uwo muhari kuva ushinzwe. Umuvugizi mushasha w’uwo muhari, Abu-Omar al-Muhajjir, yavuze ko Abu Ibrahim al-Qurashi yishwe mu misi iheze.

Kubwa perezidanse ya Amerika, White House hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Abu Ibrahim al-Qurashi yapfuye igihe yiturikirizako bombe. Amerika ivuga ko yanse ko afatwa n’abakomando b’abanyamerika baje na kajugujugu mu gace k’uburaruko bushira uburengero bwa Siriya aho yaba.

Inyuma yo gutuzwa n’urunani rw’abasirikare barongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika mu kwezi kwa gatatu 2019, ibisigarira vy’abarwanyi ba ISIS muri Siriya baciye bahungira mu bugaragwa kwihishayo.

Raporo ya ONU yo mu mwaka uheze igereranya ko abarwanyi hafi 10.000 bakiri intambamyi muri Siriya na Iraki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG