Uko wahagera

ISIS Itwara Abana b'Abahungu Kubigisha Igisirikare


Abana bavuka ku barwanyi b'umuhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu kambi ya Al-Hol mu buseruko bwa Siriya
Abana bavuka ku barwanyi b'umuhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu kambi ya Al-Hol mu buseruko bwa Siriya

Iperereza ry’igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika rivuga umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu usa n’uwuriko uragerageza kwongera kwubaka igisirikare cawo mu bugaragwa bwo mu buseruko bwa Siriya. Ni inyuma y’imyaka ibiri iheze amakungu avuga ko uwo muhari wasanganguwe.

Raporo y’iperereza rya gisirikare yasohowe kuri uyu wa kabiri ivuga ko urwaruka rw’imiyabaga y’abahungu, benshi batwawe ku nguvu bakuwe mu makambi bari barahungiyemwo muri Siriya, kandi ari bo bariko barifatanya n’ico gisirikare.

Igisirikare ca Amerika carerekanye amakenga ko ikambi y’abateshejwe ingo zabo ya al-Hol, ari yo ahanini ISIS ikuramwo abarwanyi, kubwo ubuzima bubi babayemwo.

Ikambi ya Al-Hol, irimwo abantu barenga 60 000 bagizwe ahanini abagore n’abana, ni naho ISIS icisha amafaranga, n’ibirwanisho.

Amakuru y’iperereza yatanzwe n’ibihugu bihurikiye muri ONU yarerekanye kandi amakenga ku bikorwa vy’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Siriya na Iraki, aho uwo muhari ufitiye abarwanyi bari hagati y’8 000 na 10 000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG