Uko wahagera

Abasirikare 15 ba Siriya Bishwe n'Igitero ca ISIS


Abasirikare n'abaporisi ba Siriya basuzuma ahasambukiye bisi, hagati i Damas ku murwa mukuru
Abasirikare n'abaporisi ba Siriya basuzuma ahasambukiye bisi, hagati i Damas ku murwa mukuru

Abasirikare 15 bapfuye ku musi w’Imana mu gitero umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wakoze kuri bisi y’igisirikare, mu bugaragwa bwa Siriya. Ibi vyavuzwe n’ishirahamwe rikurikirana ivy’agateka ka muntu muri Siriya rifise icicaro gikuru mu Bwongereza.

Iki gitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera bivanye nuko abasirikare batari bake bakomeretse bikomeye, nkuko iryo shirahamwe ribivuga.

Umuhari ISIS ntiwashotse wemanga ko ari wo wagavye ico gitero.

Naho uwo muhari watsinzwe mu 2019, urabandanya ibitero wihishije uva mu bugararwa bwa Siriya, buva mu micungararo y’umurwa mukuru Damas gushika ku rubibe na Iraki.

Mu ntango z’ukwezi kwa mbere, abasirikare icenda ba Siriya hamwe n’abandi barwanyi bacuditse barishwe mu gitero gisa n’ico cakozwe ku modokari za gisirikare mu buseruko bwa Siriya.

Kw’itariki ya 20 y’ukwezi kwa mbere, abarwanyi ba ISIS baragavye igitero gikomeye, batera ibohero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya, mu gisagara ca Hasakeh, igitero cari gitumbereye kubohoza bagenzi babo.

Hafi ica kabiri c’umuriyoni barishwe izindi miriyoni barahunga kuva intambara muri Siriya itangura mu 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG