Uko wahagera

Inteko Mvamakungu Zirongowe na Amerika Zatewe muri Iraki na Siriya


Abasirikare ba Amerika hafi y'ahatewe bombe na Irani ku kambi y'i Ain al-Asad I Anbar, MURI iRAKI. kW'ITARIKI YA 13/01/2020
Abasirikare ba Amerika hafi y'ahatewe bombe na Irani ku kambi y'i Ain al-Asad I Anbar, MURI iRAKI. kW'ITARIKI YA 13/01/2020

Inteko mvamakungu zirongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ziri mu rugamba n’umuhari w’iterabwoba wa Reta ya kiyisilamu zatewe kuri uyu wa gatatu muri Iraki na Siriya. Ibi bitero Amerika ivyegeka ku mihari y'iterabwoba ishigikiwe na Irani, Amerika ikavuga kandi ko atawe vyahitanye.

Majoro Jenerali John W. Brennan, Jr, arongoye urwo runani yavuze ko kuri uyu wa gatatu, ibisasu bitatu vyo mu bwoko bwa roketi vyatewe ku kambi y’abasirikare barwanira mu kirere mu burengero bwa Iraki.

Ibi bitero ku makambi akoreshwa n’abasirikare b’urunani mvamakungu bibaye haheze imisi ibiri Irani hamwe n’ibihugu bicuditse na yo vyibutse umwaka ugira kabiri uheze hishwe umukomanda wa Irani, jenerali Qasem Soleimani. Soleimani yicanywe n’umuliyetena wa Irani ku kibuga c’indege c’i Baghdad kw’itariki ya 3 ukwezi kwa mbere 2020.

Amerika yavuze ko Soleimani yariko ategura igitero simusiga ku bakozi ba Amerika muri Iraki.

Mu gihugu kibanyi ca Siriya, urwo runani ruvuga ko imwe mu makambi yabo iri mu buraruko bushira ubuseruko na yo yatewe. Ico gitero ntawe cahitanye, ariko ngo hononekanye ibintu bikeyi hagati mw’ikambi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG