Uko wahagera

Irani Irahiga Kwihora Donald Trump ku Rupfu rwa Jenerali Soleimani


Ifoto yerekana Jenerali Qassem Soleimani, hagati, mu nama i Teherani, Irani, kw'itariki ya 18/09/2016
Ifoto yerekana Jenerali Qassem Soleimani, hagati, mu nama i Teherani, Irani, kw'itariki ya 18/09/2016

Perezida wa Irani Ebrahim Raisi yarahiye ko azotegerezwa kwihora Donald Trump yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika ku rupfu rw’umukomanda wayo Qassem Soleimani. Perezida Raisi avuga ko Soleimani yishwe na Trump. Ibi abivuze aho Irani yibutse imyaka ibiri irangiye uwo mu komanda agandaguwe.

Irani hamwe n’ibihugu bicuditse vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati bibutse Jenerali Soleimani hamwe n’umuliyetena w’umunya-Iraki bishwe na drone ya Amerika ku kibuga c’indege c’i Baghdad kw’itariki ya 3 y’ukwezi kwa mbere, 2020.

Perezida Raisi, yabwiye abari bakoraniye mu masengesho yo kwibuka izo ntwazangabo ko ababateye hamwe n’uwo yise umwicanyi mukuru, Donald Trump, bakwiye kurengutswa mu butungane no kubihanirwa. Yavuze kandi ko hongeweko n’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo, hamwe n’abo yise abandi bicanyi.

Bitabaye uko, Perezida Raisi avuga ko azobwira abategetsi bose ba Amerika ko ata nkeka ukuboko kwihora kuzosokoroka mu rwubati rw’ihanga ry’abayisilamu.

Amerika yavuze ko Soleimani yishwe kuko yariko ategura kwica Abanyamerika muri Iraki. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG