Uko wahagera

Ubufaransa Bwigamvye Intsinzi Inyuma yo Kwica Umukuru wa ISIS


Ifoto ya Adnan Abu Walid al-Sahrawi, yigeze gutangirwa imiriyoni 5 z'amadorali ku womutora
Ifoto ya Adnan Abu Walid al-Sahrawi, yigeze gutangirwa imiriyoni 5 z'amadorali ku womutora

Ubufaransa buvuga kw’iyicwa ry’umukuru w’umurwi Islamic State ari intsinzi. Ubufaransa bwatangaje ko bwishe uyo mugabo kuko umurwi wiwe wahora ukora ibitero ku bakozi b’Abafaransa bajejwe ibikorwa vyo gutabara imbabare, ku basivile b’Abanyafrika hamwe no ku basirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, ni we yatangaje urupfu rwa Adnan Abu Walid al- Sahrawi ejo mw’ijoro. Nk’uko ibiro vyiwe bibivuga, al- Sahrawi ni we yatanze amategeko mu mwaka uheze yo kwica Abafaransa batandatu bari bajejwe ibikorwa vyo gutabara imbabare hamwe n’Abanyanigeri bakorana.

Vyongeye ngo umurwi wiwe ni wo wakoze igitero mu mwaka w’2017 ku basirikare b’Abanyamerika no ku basirikare b’Abanyanijeri. Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi, Florence Parly, avuga ko al-Sahrawi yishwe mu gitero c’indege cakozwe n’abasirikare b’Ubufaransa mu ndwi ziheze.

Igihugu c’Ubufaransa cahoze gikolonije ibihugu bitari bike vyo muri iyo ntara, giherutse gutangaza ko kigiye kugabanya igitiri c’abasirikare muri iyo ntara. Kivuga ko kizoba kimaze kuvanayo abasirikare bashika 2000 mu ntango z’umwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG