Uko wahagera

Centrafurika: Urwikeko ko Perezida Touadera Yoba Yagira Agandagurwe


Perezida wa Centrafurika Faustin-Archange Touadera i Bangui
Perezida wa Centrafurika Faustin-Archange Touadera i Bangui

Igiporisi ca Centrafurika cafashe abafaransa bane bo mu nteko za ONU ziri kubungabunga amahoro muri ico gihugu ziswe MINUSCA. Iri hagarikwa ry’abo ryatumye hari abakwiragiza amakuru ko Ubufaransa bwariko bugerageza kwica perezida wa Centrafurika.

Abo basirikare bane b’Ubufaransa bahagarikiwe ku kibuga c’indege c’i Bangui ku musi wa mbere. Bari mu bacungera umutekano w’umukuru wa MINUSCA, umujenerali w’umufaransa, Stephane Marchenior. Marchenior yari ku kibuga c’indege ku musi wa mbere. Imbere y’uko Perezida Faustin Archange Touadera ashika avuye mu rugendo mu Bubirigi.

Abo basirikare bari bakiri mu minwe y’igiporisi kuri uyu wa kabiri, kandi igiporisi nticatanze imvo yatumye kibahagarika.

Ambasade y’Ubufaransa i Bangui hamwe n’umurwi wa ONU muri Centrafurika bamiriye kure ico bise gukwirakwiza amakuru y’ibinyoma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG