Uko wahagera

MINUSCA Isaba Kwongerezwa Abasirikare muri Centrafrika


Umukuru w’inteko za ONU zagiye kubungabunga amahoro muri Republika ya Centrafrika, MINUSCA, yavuze kuri uyu wa kane ko hakenewe abandi basirikare mu bikorwa barimwo vyo gutesha imihari yitwaje ibirwanisho imaze gutuma abanyagihugu 60 000 bahunga igihugu.

Mankeur Ndiaye, yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko kwongereza abasirikare bizofasha kandi gukingira abanyagihugu no gufasha gushikana imfashanyo ku bazikeneye basinzikajwe n’intambara.

Urunani rw’imihari yitwaje ibirwanisho, ivuga ko iriko iharanira impinduka mu gihugu, ifatanije n’uwahoze ari perezida wa Centrafrika, François Bozizé. Batanguye kuburizamwo amatora yo mu kwezi guheze, ubu bariko bagerageza kwirukana Perezida Faustin Archange Touadera ku butegetsi, inyuma yo kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ko yatsinze amatora.

Umugwi wa MINUSCA, ugizwe n’abasirikare hafi 13 000 hamwe n’abaporisi.

Abasirikare indwi bawo ni bo bamaze guhitanwa n’imitego batezwe n’imihari yitwaje ibigwanisho mu kiringo kiri munsi y’indwi zine.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, asaba impande zose zifise uruhara muri iyi mirwano kuyihagarika no kuja mu biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG