Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwahagaritse Imigenderanire na Centrafurika


Iyo modoka iri mu kigo ca gisirikare kiri ahitwa Bangassou yegukira abacangero b'Uburusiya

Umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya wahagaritse imigenderanire n'igihugu ca Centrafrika kubera gikorana n'abacangero b'abarusiya. Uwo muryango wafashe ingingo y’ukuba urahagaritse igikorwa c’ukumenyereza inteko z’ico gihugu kubera uruhara abacangero b’umurwi wo mu Burusiya, “Wagner” bafise muri ico gihugu.

Ubumwe bwa Buraya buvuga ko butewe impungenge n’ibijanye n’ihonyangwa ry’amategeko mpuzamakungu. Butangaza ko igikorwa c’ukumenyereza inteko za Centrafrika gishobora gusubira kubandanya niyo wahumurizwa ko abasirikare wamenyereje badakoreshejwe n’abacangero b’umurwi, Wagner.

Ubufransa n’umuryango w’ibihugu vy’Ubulaya bitangaza ko inteko za Reta ya Centrafrique, zikoranye n’umurwi, Wagner, zakoze ibitero bikomeye ku mirwi irwanya ubutegetsi kuva mu ntango z’uyu mwaka. Iyo mirwi iriko igerageza gutembagaza Prezida Faustin Archange Touadera.

Abahinga b’ishirahamwe ONU bavuga ko abacangero b’umurwi Wagner bahonyanze bikomeye agateka ka muntu muri Centrafrika. Reta y’Uburusiya yemera icese ko abantu 1.135 bajejwe kumenyereza inteko za Centrafrika ari bo bari muri ico gihugu.

Yamara amashirahamwe ategamiye reta akorera muri ico gihugu, Ubufransa n’ishirahamwe ONU bitangaza ko bamwe muri abo bantu bava mu murwi Wagner. Ibirego Uburusiya buhakana.

Umurwi, Wagner ukorera mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara aho Uburusiya bukorera, harimwo Mali na Centrafrika. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG