Uko wahagera

Abacangero 300 bo ku Ruhande rwa Haftar Bagiye Kuva muri Libiya


Inteko za Reta ya Tripoli.
Inteko za Reta ya Tripoli.

Muri Libiya, abasirikare bari ku ruhande rwa Khalifa Haftar bavuze kuri uyu wa kane ko abasirikare b’abacangero 300 b’abanyamahanga bariko bararwana ku ruhande rwabo bagiye kuva mu gihugu, bisabwe n’Ubufaransa. Ubufaransa ni bwo butunganya inama kuri Libiya i Paris, igamije kwibutsa abanyalibiya ko bakwiye kuguma ku mugambi wo gutunganya amatora mu kwezi kwa cumi na kabiri. Iri tangazo ntaco ryavuze ku kirangamisi c’itahuka ry’abo bacangero.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko abacangero 20.000 hamwe n’abarwanyi b’abanyamahanga bari muri Libiya, harimwo na sosiyete yigenga y’Abarusiya icungera umutekano, Wagner, hamwe n’abavuye muri Cadi, Sudani na Siriya.

Raporo ya ONU yasohowe mu kwezi kw’icumi yavuze ko impande zose zerwa n’intambara muri Libiya, harimwo n’ibindi bihugu, ndetse n’abarwanyi mvamakungu n’abacangero bahungabanije amategeko mpuzamakungu, abandi bakora ivyaha vyo mu ntambara.

Iyi nama y’i Paris yo kuri uyu wa gatanu irongorwa na perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, iza kwitabwa kandi na visi perezida wa Amerika Kamala Harris hamwe n’umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Sergei Lavrov.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG