Uko wahagera

Abishwe n'Igihuhusi Batsirai Bageze kuri 92 muri Madagascar


A boy searches among debris on the beach, in the aftermath of Cyclone Batsirai, in the town of Mananjary, Madagascar, Feb. 8, 2022.
A boy searches among debris on the beach, in the aftermath of Cyclone Batsirai, in the town of Mananjary, Madagascar, Feb. 8, 2022.

Abahitanwe n’igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi cataziriwe Batsirai biyongereye gushika kuri 92 muri Madagascar. Abategetsi babivuze kuri uyu wa gatatu. Ni mu gihe amashirahamwe y’abatanga imfashanyo ariko yiruka no gufasha abantu barenga 110.000 bakeneye imfashanyo zihuta.

Ikigo c’igihugu kijejwe gutabara mu bihe vy’ibiza cavuze ko benshi mu bapfuye baguweko n’amazu yabo.

Amashirahamwe atari make y’abagiraneza hamwe n’ibigo vya ONU baratanguye kurungika ibikenewe hamwe n’abakozi gufasha abasinzikajwe n’ico gihuhusi.

Ubufaransa bwarungitse abatabara 60 gufasha kwubaka ibibanza vyo gutunganiriza amazi yo kunywa hamwe n’indege zitagira umudereva za drone kuraba ibikenewe mu turere tugoye gushikamwo.

Abahinga b’Abadagi nabo baza barashitse gufasha mu bikorwa vy’abagiraneza. Amabarabara 20 n’ibitarurwa 17 vyabomotse biriko birasanurwa.

Madagascar yaciweko n’ico gihuhusi Batsirai mu gihe yari ikiriko irisuganya inyuma y’ikindi cataziriwe Ana cahungabanije ubuzima bw’abashika 131.000 kuri iryo zinga mu kwezi guheze, aho 55 bahasize ubuzima mu murwa mukuru Antananarivo.

Igihuhusi Ana kandi caraciye no muri Malawi, Mozambike na Zimbabwe, gihitana ubuzima bw’abatari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG