Uko wahagera

Igihuhusi Batsirai Congereje Inguvu


Igihuhusi Batsirai.
Igihuhusi Batsirai.

Abakwirikirana ihindagurika ry'ikirere bavuga ko igihuhusi Batsirai kiriko kirongereza inguvu kandi ko bitegekanijwe ko gica mu gice co mu buraruko bw'izinga rya Maurice, uno musi ku wa gatatu ku muhingamo. Nyuma kirashika mu gice co hagati muri Madagascar ku mutaga wo ku musi wa gatandatu.

Abahinga bavuga ko igihuhusi Batsirai muri iki gihe kigeze ku rugero rwa kane. Imiyaga yaco yarongereje inguvu mu kugera ku bilometero 231 kw’isaha mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu.

Ikigo kijejwe gukwirikirana ihindagurika ry’ikirere muri Madagascar, cagabishije abagira ingendo zo mu mazi y’ibahari y’Abahindi kwitondera igihuhusi Batsirai. Ico kigo kigabisha ko ico gihuhusi giteganijwe guca mu bice 16 vy’igihugu.

Abakwirikirana ihindagurika ry’ikirere bavuga ko ico gihuhusi gishobora kwongereza inguvu zaco kurushiriza mu kiringo c’amasaha 48 yimirije. Gishobora kugeramira bikomeye amazinga atatu: Maurice, Madagascar na Reunion ari mw’ibahari y’Abahindi.

Igihuhusi Batsirai gikwirikiye igihuhusi Ana cabaye indwi imwe y’imbere yaho, cahitanye abantu batari bake muri Mozambike, Malawi na Madagascar.

Ikigo mpuzamakungu kijejwe gukwirikirana ihindagurika ry’ikirere cagabishije mu mpera z’umwaka uheze ko Afrika izohangana n’ibibazo bikomeye harimwo ibihuhusi bikomeye mu myaka iri imbere.

Camenyesheje ko urugero rw’amazi mu bumanuko bw’amabahari Atlantike na Indiyana rwiyongeye cane kurusha ahandi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG