Uko wahagera

Igihuhusi Ana Cishe Hafi 80 muri Madagascar, Mozambike na Malawi


Ivyasambuwe n'igihuhusi Ana i Antananarivo, muri Madagascar, kw'itariki ya 26/01/2022.
Ivyasambuwe n'igihuhusi Ana i Antananarivo, muri Madagascar, kw'itariki ya 26/01/2022.

Abantu bishwe n’igihuhusi kivanze n’imvura gihitiye mu bihugu bitatu vyo mu karere ka Afrika y’ubumanuko baduze gushika kuri 77 kuri uyu wa kane. Hagati aho abatabara baracarwana kugira basanure ivyononekaye bongere bafashe ibihumbi vy’abanyagihugu bahuye n’ingaruka z’iki gihuhusi.

Imvura y’isegenya ivanze n’iguhuhusi ciswe Ana yaguye ku musi wa mbere muri Madagascar imbere yo gutandukira muri Mozambike na Malawi.

Abatabara hamwe n’abategetsi bo muri ivyo bihugu bitatu baracatororokanya ivyononekaye, naho hari ubwoba bw’ikindi guhuhusi c’imvura kiriko kirisuganya mw’ibahara Indiyana.

Madagascar kuri uyu wa kane yatangaje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe aho abapfuye baduze gushika kuri 48.

Mozambike yatangaje 18 bapfuye, nayo Malawi itangaza 11.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG