Uko wahagera

Abantu 88 Bishwe n'Igihugusi Ana mu Bumanuko n'Ubuseruko bw'Afurika


Igihuhusi Ana caciye muri Masagascar kw’italiki 22 y’uku kwezi kwa mbere aho ciyongeye ku mvura nyinshi yari imaze imisi irwa kuri iryo zinga. Ico gihugu caratangaje ibihe bidasanzwe mw’ijoro ryo ku musi wa kane. Camenyesheje ko abahitanywe n’igihuhusi Ana ari 48, igihe imisozi n’inyubakwa vyasenyuka canke bigatwarwa n’amazi.

Mu nyuma yaho ico gihuhusi cashitse mu gihugu ca Mozambike, aho cahitanye abantu 20 imbere y’uko gitera kija muri Malawi aho catumye umuyagankuba ucika mu bice vyinshi vy’igihugu. Reta y’ico gihugu yatangaje ko igihuhusiu Ana cahitanye abageze kuri 20 ku musi wa kane.

Ishirahamwe ONU ryatangaje ko muri ivyo bihugu 3, igihuhusi Ana carageramiye abantu ibihumbi n’ibihumbi gituma imyuzure ikwiragira n’ibintu bitari bike vyononekara muri ivyo bihugu

Maria Luisa Fomara, aserukira igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho abana, UNICEF, amenyesha ko ico gihuhusi cerekana ko ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe atari agaseseshwarumuri.

Akarere ko muri Afrika yo mu bumanuko karageramiwe incuro zitari nke n’ibihuhusi bikomeye mu myaka ya vuba. Vyarasambuye amazu, amabarabara n’ibiraro n’ivyumburwa, vyongera bituma abantu batari bake bava mu zabo.

Mu bihe bimwe bimwe, abantu bari bakiriko barogorora ku bihuhusi vy’imbere yaho basubiye kugeramirwa kandi n’ibindi bishasha, mu vyatumye vyigongera ku ngaruka z’ivyabaye imbere yaho.

Abahinga bavuga ko ibihuhusi bitera vyongereza inguvu kandi biba kenshi kurushiriza, mu gihe amazi mu mabahari atera ashuha bitewe n’ihindagurika ry’ibihe. Urugero rw’amazi mu mabahari na vyo nyene biriko bituma ibice bidahanamye biyegereye bigeramirwa n’ibihuhusi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG