Uko wahagera

Igihuhusi Batsirai Cishe Abantu 10 muri Madagascar


Igiti catembagajwe n'igihuhusi kivanze n'imvura Batsirai i Saint-Denis de la Réunion, itariki 3/02/2022
Igiti catembagajwe n'igihuhusi kivanze n'imvura Batsirai i Saint-Denis de la Réunion, itariki 3/02/2022

Abantu bashika 10 bishwe n’igihuhusi kivanze n’imvura caciye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Madagascar ku musi wa gatandatu. Kibaye ikigira kabiri giciye kuri iryo zinga ryo mw’ibahari Indiyana mu kiringo c’indwi zibiri gusa.

Abategetsi ba Madagascar bavuze ko igisagara casinzikaye cane ari Nosy Varika, kiri mu gice c’ubuseruko ku nkengera z’amazi aho hafi 95 vy’amazu yasambutse.

Ico gihuhusi kivanze n’imvura nyinshi cataziriwe Batsirai vyari vyitezwe ko gitesha ingo abangana 150.000. Gikurikiye ikindi cataziriwe Ana, caciye muri iryo zinga haraheze indwi zibiri, cica abantu 55 hamwe n’abarenga 130.000 bataye ingo zabo.

Inyuma yo gusangangura Madagascar, igihuhusi Ana caciye cerekeza mu burengero, gica muri Mozambike kirabandanya no muri Malawi. Abo cahitanye mu nzira bose hamwe bashitse 88.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG