Uko wahagera

Amnesty Yagiriza Isirayeli Gukora Apartheid kuri Palestina


Agnes Callamard, umunyamabanga mukuru wa Amnesty International avuga mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Yerusalemu, kw'itariki ya 1/2/2022.
Agnes Callamard, umunyamabanga mukuru wa Amnesty International avuga mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Yerusalemu, kw'itariki ya 1/2/2022.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, Amnesty International, ryagiriza Isirayeli gushiraho amategeko ya apartheid acinyiza abanyepalestina mu kubanyaga amatongo no kubima ubwenegihugu. Iryo shirahamwe risaba sentare mpuzamakungu gukora amatohoza kuri ibi vyagiriji.

Amnesty international ihambije ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka muntu mu kwagiriza Isirayeli kuri ayo mabi akorerwa abanyepalestina.

Iyi raporo isaba kandi amakungu guhagarika guha Isirayeli ibirwanisho hamwe n’izindi mfashanyo muvy’ubutunzi.

Abategetsi ba Palestina mu ntara za Cisjordaniya na Gaza bashimye iyo raporo, mu gihe abategetsi ba Isirayeli bo bayiyamye, batako basaba Amnesty kuyisubiza inyuma.

Abategetsi ba Isirayeli bavuga ko batabajijwe canke ngo bahabwe amahirwe yo guhakana raporo ya Amnesty. Bavuga ko raporo yasohowe na Amnesty igaragaramwo urwanko ku bayahudi kandi bayihenzeko.

Amnesty International yahakanye ibivugwa na Isirayeli kandi ivuga ko ivyo yatohoje vyisunze amategeko mpuzamakungu hamwe n’ubushakashatsi bwimbitse.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG