Uko wahagera

HRW Ikeka ko Isirayeli na Hamas Bakoze Ivyaha vyo mu Ntambara


Ibibomoke vy'amagorofa yabomowe n'ibitero vy'indege za Isirayeli muri Gaza, kw'itariki ya 15-06-2021
Ibibomoke vy'amagorofa yabomowe n'ibitero vy'indege za Isirayeli muri Gaza, kw'itariki ya 15-06-2021

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa muntu, Human Rights Watch, ryavuze kuri uyu wa kabiri ko Isirayeli hamwe n’umuhari Hamas bashobora kuba barakoze ivyaha vyo mu ntambara, mu ntambara bahitiyemwo mu kwezi kwa gatanu.

Iyo ntambara yamaze iminsi cumi n’umwe yaranzwemwo ibisasu vya roketi vyava i Gaza biterwa muri Isirayeli, nayo ica yihora n’ibitero vy’indege.

HRW yavuze ko yatohoje ku bitero bitatu vya Isirayeli vyishe abasivile b’abanyepalestina 62 bari ahantu hatari abarwanyi. Iri shirahamwe riharanira agateka ka muntu ryavuze ko ibitero vya roketi za Hamas muri Isirayeli bizovugwako muri raporo izokurikira. HRW ivuga ko ibitero vya Isirayeli na Hamas bitisunze amategeko yo mu ntambara kandi bishobora gushirwa mu vyaha vyo mu ntambara.

Iyi raporo isohowe inyuma y’aho umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, atangarije mu kwezi kwa gatatu ko hagiye gutanguzwa amatohoza ku vyaha vyoba vyarakozwe mu ntambara yo mu 2014 muri Gaza, aho Isirayeli yigaruriye.

CPI yavuze mu kwezi kwa gatanu ko izotohoza kandi no kuri izi ntambara ziherutse hagati ya Isirayeli na Palestina.

Iyi ntambara yasizemwo ubuzima abanyepalestina 260 barimwo n’abarwanyi, nkuko abategetsi bo mu ntara ya Gaza bavyemeza. Muri Isirayeli, abantu 13 barimwo umusirikare ni bo bishwe, nkuko igiporisi n’igisirikare babivuga. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG