Uko wahagera

Isirayeli mu Ruhigi rw'Abanyepalestina Batandatu Batorotse Ibohero


Abajejwe umutekano ba Isirayeli bahagarika imodoka, mu twigoro two kurondera abanyepalestina batorotse Ibohero. Kw'itariki ya 9/09/2021

Isirayeli iri mu ruhigi rwo kurondera abanyepalestina batandatu batorotse ibohero mu buraruko bwa Isirayeli mu ntango z’iyi ndwi. Isirayeli ivuga ko bari bafunzwe bagirizwa iterabwoba.

Igisirikare ca Isirayeli carungitse abasirikare ibihumbi hamwe n’abaporisi kurondera abo bagabo batandatu. Abategetsi ba Isirayeli bakeka ko bakiri muri Isirayeli canke muri Cisjordaniya. Isirayeli ifise ubwoba kandi ko abo bagabo bashobora kuzogaba ibitero vy’iterabwoba canke kunyuruza abantu.

Abategetsi ba Palestina bo baragabisha ko hazoba ubwicanyi mu gihe igisirikare ca Isirayeli cokwica abo bagabo batandatu.

Abategetsi ba Isirayeli bavuga ko bazokora ibishoboka vyose kugira babafate.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG