Uko wahagera

Isirayeli na Palestina Boba Bagiye Gushira Hamwe?


Ibubamfu, perezida wa Palestina, Mahmud Abbas n'umushikiranganji wa Isirayeli wo kwivuna abansi Benny Gantz.
Ibubamfu, perezida wa Palestina, Mahmud Abbas n'umushikiranganji wa Isirayeli wo kwivuna abansi Benny Gantz.

Umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe kwivuna abansi yaganiriye na perezida wa Palestine mu ntara yagererewe ya Cisjordaniya. Ni ibiganiro vya mbere izo mpande zibiri zigiranye haraheze imyaka.

Umubonano w’i Ramallah hagati ya Benny Gantz na Mahmoud Abbas ni ikimenyetso c’uko hashobora kuba igihindutse inyuma y’imyaka iheze ata kuganira hagati ya Abbas n’abategetsi ba Isirayeli.

Uko gukumirana kwatanguye ku butegetsi bw’umukazo bw’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu ku banyepalesitina, ashigikiwe n’uwahoze atwara Amerika Donald Trump. Ibi bihugu uko ari bibiri ubu bifise abategetsi bashasha, Perezida Joe Biden n’umushikiranganji wa mbere Naftali Bennett.

Iyi ngendo nshasha ya Isirayeli ibaye haheze imisi ibiri Perezida Joe Biden asavye umushikiranganji wa mbere mushasha wa Isirayeli gutera intambwe mu gusununura ubuzima bw’abanyepalestina. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG