Uko wahagera

CAN 2021: Etiyopiya, Zimbabwe, Ghana na Moritaniya Vyasezerewe


Urukino rwa CAN 2021 hagati ya Kameruni na Etiyopiya
Urukino rwa CAN 2021 hagati ya Kameruni na Etiyopiya

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru ririko rihuza ibihugu vya Afrika, CAN 2021, rirabandanya muri Kameruni. Gushika aho ihiganwa rishitse ubu, ibihugu indwi biramaze kuronka itike yo mu gice c’umunani gishira ica nyuma. Ivyo bihugu ni Burkina Faso, Gabon, Nijeriya, Gineya, Kameruni, Senegal na Maroke.

Haruhande y’ivyo, ibihugu bine biramaze gusezererwa. Ivyo ni Etiyopiya mu murwi A, Zimbabwe mu murwi B, Ghana mu murwi C, na Moritaniya mu murwi E.

Kuri uyu wa gatatu, umusi ugira 11 kuva izo nkino zitanguye, mu murwi D Gineya Bissau ikina na Nijeriya, mu gihe Misiri itana mu mitwe na Sudani.

Ejo kuwa kane, itariki 20 niho hazomenyekana imirwi 16 mu mirwi 32 yitabiriye iri higanwa izobandanya mu gice c’umunani gishira ica nyuma, hongere hamenyekane n’iyindi 16 izosezererwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG