Uko wahagera

CAN 2021: Maroke, Senegal mu Gice c'Umunani Gishira ica Nyuma


Mali's midfielder Moussa Doumbia (C) fduring an afcon game with Gambia in Limbe.
Mali's midfielder Moussa Doumbia (C) fduring an afcon game with Gambia in Limbe.

Mu makuru y’inkino za CAN, mu mpira w’amaguru, ziriko zirahuza ibihugu vya Afrika muri Kameruni,

Kameruni ntuyavyifashemwo neza kuri uyu wa mbere mu rukino rwayihuje na Cap-Vert mu kunganya (1-1). Ariko n’aho biri uko iracagumanye ikibanza ca mbere mu murwi irimwo A.

Mu rundi rukino rwo muri uyo murwi rwabaye kuri uyu wa mbere, Burkina Faso yanganije na Etiyopiya 1-1.

Kuri uyu wa kabiri, mu murwi B ugizwe na Senagal, Gineya, Malawi na Zimbabwe, Zimbabwe ikina na Gineya, nayo Malawi ihure na Senegal.

Izindi nkino zitegekanijwe kuri uyu wa kabiri, ni izo mu murwi C, aho Ghana ihura n’amazinga ya Comores, nayo Gabon ihure na Maroke.

Gushika aho ihiganwa rigeze ubu, Maroke yo mu murwi C na Senegal yo mu murwi D na Kameruni mu murwi wayo A ni vyo bihugu biza kw’isonga ry’iyo mirwi kandi bimaze kuronka itike ryo kwinjira mu gice c’umunani gishira ica mbere c’iri higanwa.

Iki gice ca mbere c’iri higanwa hagati y’ibihugu 24 kirangira ku wa kane itariki 20, aho hazomenyekana neza na neza amakipe 12 azobandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG