Uko wahagera

CAN 2022: Inkino Zinjiye ku Musi Ugira Kabiri


abafana ba Ghana ku kibuga c'i Yaounde
abafana ba Ghana ku kibuga c'i Yaounde

Mu nkino z’umupira w’amaguru zihuza ibihugu vya Afrika, CAN 2022 ziriko zibera muri Kameruni, kuri uyu wa mbere itariki 10 zinjiye mu musi wazo ugira kabiri.

Mu murwi B, Senegal yatsinze Zimbabwe 1-0, Gineya itsinda Malawi 1-0.

Mu murwi C, Maroke yatsinze Ghana 1-0, nayo Gabon itsinda amazinga ya Comore 1-0

Ku musi wa kabiri, itariki 11, Aljeriya ihura na Sierra Leone, Nijeriya ihure na Misiri, nayo Sudani itane mu mitwe na Gineya Bissau.

Iri higanwa ryatanguye ku musi w’Imana itariki 9 z’ukwezi kwa mbere zizorangira kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kabiri 2022.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG