Uko wahagera

Kameruni Yatsinze Burkina Faso 2-1 mu Rukino Rwuguruye CAN


Urukino rwahuje Kameruni na Burkina Faso kuri stade ya Olembe i Yaounde muri Kameruni
Urukino rwahuje Kameruni na Burkina Faso kuri stade ya Olembe i Yaounde muri Kameruni

Kameruni yatsinze Burkina Faso ibitsindo 2-1 mu rukino rwa mbere rwuguruye inkino za nyuma z’igikombe ca Afrika c’ibihugu mu mupira wa maguru ziriko zibera muri Kameruni rwabaye kuri uyu w’Imana.

Izi nkino zuguruwe n’ibihugu biri mu murwi A, aho muri uyo murwi nyene Cap Vert yatsinze Etiyopiya igitsindo 1-0.

Kuri uyu wa mbere, hategekanijwe inkino zo mu murwi B, aho Zimbabwe ikina na Senegal nayo Malawi ikine na Gineya.

Iri higanwa rihuza ibihugu 24 rizomara ukwezi kwose, rizorangira kw’itariki 6 z’ukwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG