Uko wahagera

CAN 2021: Kameruni Yaronse Itike yo mu Gice c'Umunani Gishira ica Nyuma


Urukino ruhuza Etiyopiya na Kameruni
Urukino ruhuza Etiyopiya na Kameruni

Kameruni yakiriye inkino za Afrika z’umupira w’amaguru, CAN 2022, yabaye igihugu ca mbere caronse itike yo kuja mu gice c’umunani gishira ica nyuma c’iryo higanwa. Ni inyuma y’aho itsindiye Etiyopiya ibitsindo 4-1 kuri uyu wa kane mu murwi A ivyo bihugu birimwo.

Kameruni yabaye kandi igihugu conyene muri 24 biri muri iri higanwa catsinze ibitsindo bibiri mu rukino rwa mbere, mu gutsinda Burkina Faso 2-1 ku musi w’Imana.

Urundi rukino rwo muri uyo murwi A, rwabaye kuri uyu wa kane, Burkina Faso yatsinze Cape Vert 1-0.

Kuri uyu wa gatanu, mu murwi B, Senegal ihura na Gineya, Malawi ikine na Zimbabwe. Mu murwi C, Maroke ikina n’amazinga ya Comores, nayo Ghana itane mu mitwe na Gabon.

Iki gice ca mbere co gukuranamwo, kizorangira itariki 20 z’uku kwa mbere, ahazomenyekana imirwi izobandanya mu gice c’umunani c’iryo higanwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG