Uko wahagera

Ikamyo Yikoreye Igitoro Yahiye Ihitana Abarenga 62 muri Haiti


Abantu bahagaze ahabereye isanganya ry'ikamyo yahiye itemvye mu gisagara ca Cap-Haitien muri Haiti,
kw'italiki ya 14-12-2021
Abantu bahagaze ahabereye isanganya ry'ikamyo yahiye itemvye mu gisagara ca Cap-Haitien muri Haiti, kw'italiki ya 14-12-2021

Abantu bashika kuri 62 bapfuye igihe ikamyo yikoreye ibitoro yaturika ica irasha muri Haiti mu gisagara ca Cap-Haitien kuri uyu musi wa kabiri. Abajejwe gutabara ahabaye amasanganya bavuga ko ibi bitigiri vyitezwe ko bishobora kurenga aho.

Icegera c’umukuru w’ico gisagara, Patrick Almonor, yavuze ko abatari bake bakomeretse kandi abarenga 50 bishwe n’imbeya z’umuriro. Avuga kandi ko iyo kamyo yatembagaye igihe umushoferi wayo yariko ahunga kugira ntaseke ipikipiki yari mu nzira.

Abantu bapfuye ni abariko baragenda n’amaguru mw'ibarabara, baciye bashwabaduka kuvoma igitoro, gisanzwe gikenye ku murwa mukuru Port-au-Prince.

Almonor yavuze ko amazu hafi 40 muri ako gace yahiye aratokombera, ariko nta bitigiri vyatanzwe vy’aboba bahiriye mu mazu.

Mu mezi aheze, imodokari zitari nke zitwaye ibitoro zaratewe n’imigwi y’abantu bitwaje ibirwanisho basaba amafaranga kugira barekure abashoferi bazo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG