Uko wahagera

Ubukene bw'Igitoro muri Haiti Bugiye Kugira Ingaruka ku Bagwayi


Umuvyeyi arwaje umwana mu bitaro i Port-au-Prince, ku musi w'Imana, kw'itariki 24-10-2021
Umuvyeyi arwaje umwana mu bitaro i Port-au-Prince, ku musi w'Imana, kw'itariki 24-10-2021

Ibikorwa vy’amavuriro no gutumatumanako amakuru muri Haiti biragabishwa ko bishobora kubangamirwa n’ubukene bw’ibitoro bwatewe n’ibikorwa vy’imirwi y’intagondwa igisibije ku murwa mukuru Port-au-Prince.

Umuyobozi w’imfatakibanza w’ibiro vya ONU muri Haiti bijejwe imfashanyo, Pierre Honnorat, yavuze ku musi w’Imana ko ubuzima bw’abantu busa n’ubugiye gutakara mu gihe igitoro kitoshika mu bitaro.

Ishirahamwe ry’ibitaro vyigenga muri Haiti, ari navyo bitanga ibice 70 kw’ijana vy’ubuvuzi ku banyagihugu, ryavuze ko riteye akamo ko kugabisha reta. Izo mpungenge zatanzwe kandi n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abaganga batagira imbibe, Medecins sans Frontieres, rimaze imyaka 30 rikorera muri Haiti.

Akagwi k’intagondwa kagenzura igice kinini c’umurwa mukuru Port-au-Prince kamaze amezi karazibiye amabarabara ashika aho igitoro kibanza gushikira imbere yo gukwirakwizwa kumasitasiyo ku murwa mukuru.

Ibi kandi vyatumye ibikorwa vy’amasosiyete atanga serevisi zo gutumatumanako amakuru bihagarara kubera ko antene zayo zihabwa inguvu n’imashine zitanga umuyagankuba zikora aruko zinyoye ibitoro.

Amashure hamwe n’ibikorwa vy’ubudandaji vyarugaye kuri uyu wa mbere ku murwa mukuru, inyuma y’akamo kasaba amasendika y’abunguruza abantu n’ibintu kuja mu myiyerekano yiyamiriza umutekano muke ubandanya wiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG