Uko wahagera

Haiti: Abamisiyoneri 17 Banyurujwe Bagabishwa Kubicwa


Abanyagihugu ba Haiti mu myiyerekano basaba irekurwa ry'abamisiyoneri banyurujwe i Port-au-Prince
Abanyagihugu ba Haiti mu myiyerekano basaba irekurwa ry'abamisiyoneri banyurujwe i Port-au-Prince

Umukuru w’akagwi k’intagondwa kanyuruje abamisiyoneri b'abanyamerika n’abanyecanada mu mpera z’indwi yarangiye ariko akoresha iterabwoba agabisha ko ashobora kubica.

Isanamu ya videwo yasohowe kuri uyu wa kane ku mbuga ngurukana makuru, yarekanye Wilson Joseph, akikujwe n’abagabo bitwaje inkoho imbere y’amasandugu arimwo ibiziga vya batanu mu barwanyi babo. Yavuze ati: "Kuko ntararonka ivyo nkeneye, nzokwica aba banyamerika.”

Abo banyuruje abo bantu bariko basaba imiriyoni 17 z’amadolari kugira babarekure, nkuko amakuru ava mu bajejwe umutekano yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Ku musi wa gatandatu, umugwi w’abamisiyoneri 17 b’abanyamerika n’abanyecanada hamwe n’abana babo baranyurujwe igihe bari kugendera irerero ry’impfuvyi mu buraruko bw’umurwa mukuru Port-au-Prince, usa n’uwugenzurwa n’ako kagwi k’intagondwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG