Uko wahagera

Abishwe na Nyamugigima Bashitse ku 2 207 muri Haiti


Abategetsi muri Haiti batangaje kuri uyu w’Imana ko igitigiri c’abahitanywe na nyamugigima ihitiye mu gisagara ca Les Cayes biyongereye gushika ku 2 207.

Ikigo co muri Haiti kijejwe gukingira abasivile ibiza, cavuze ko amazu arenga 50.000 yabomotse mu gihe abantu 344 gushika ubu bataratorwa.

Abantu barenga 12000 barakomeretse muri iyo nyamugigima yabaye ku musi wa gatandatu, mu ndwi zibiri ziheze.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu barenga umuriyoni umwe bagize ingaruka z’ico kiza casinzikaje ico gihugu co mw’izinga rya Caraibe.

Imfashanyo ntizashitse ku banyagihugu uko bikwiye kubera amabarabara n’ibitarurwa vyasenyuwe n’iyo nyamugigima hamwe n’igihuhusi kivanze n’imvura cakurikiye. Ariko kandi utwigoro two gutanga amazi, ibifungurwa hamwe n’imiti twarabangamiwe n’abasuma bateye bakongera bakanyuruza amakamyo yari abitwaye. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG