Uko wahagera

Etiyopiya: Abiy Ahmed Yiyemeje Kuja ku Rubuga rw'Intambara


PM abiy Ahmed
PM abiy Ahmed

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yavuze kuri uyu wa mbere ko agiye kuja imbere ingabo ziri ku rugamba rw’intambara yo kurwanya abarobeli. Ni mu gihe intambara imaze umwaka iriko yegereza ku murwa mukuru Addis Abeba.

Mu butumwa yashikirije ku rubuga Twitter, Abiy yavuze ko ejo azoja imbere y’ingabo ziwe ku rubuga rw’intambara. Yongeye asaba abiyumva ko ari abana b’igihugu guhaguruka kurwanira igihugu kuva uyu musi. Abasaba kuja guhurira ku rubuga rw’intambara.

Ibi Abiy yabivuze mu gihe abarobeli bo mu muhari TPLF babandanya berekeza ku murwa mukuru Addis Abeba, aho bavuga ko bagenzura igisagara ca Shewa Robit, kiri ku birometero 220 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru.

Umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed yarungitse inteko mu ntara ya Tigre gutuza umuhari TPLF mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020, avuga ko uwo muhari wateye ikambi z’abasirikare biwe.

Izi ntambara zimaze guhitana ibihumbi vy’abantu, zituma ibihumbi amajana binjira mu bihe bidasanzwe vy’inzara, nkuko bivugwa na ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG