Uko wahagera

Sudani: Igisirikare Cashizeho Uburongozi Bushasha bw'Imfatakibanza


Jeneral Abdel-Fattah Burhan
Jeneral Abdel-Fattah Burhan

Jenerali Abdel Fattah al-Burhan ategeka Sudani muri iki gihe, kuri uyu wa kane yagenye akanama gashasha yasubirije akahahora, kazorongora igihugu ivy’imfatakibanza inyuma ya kudeta y’abasirikare yo mu kwezi guheze. Mu bagenwe nta n’umwe arimwo mu basaba ko ubutegetsi busubizwa abasivile.

Jenerali Burhan, kw’itariki ya 25 y’ukwezi kw’icumi yarasheshe reta y’umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdok, apfunga abategetsi b’abasivile bari muri yo, yongera atangaza ko igihugu cinjiye mu bihe bidasanzwe.

Iri tangazo ryo kugena abategetsi bashasha ribaye hasigaye imisi ibiri ngo habe imyiyerekano simusiga y’abadashigikiye kudeta.

Ubu butegetsi bushasha buvanzemwo abasivile n’abasirikare bwagumijemwo Shamsaldine al-Kabashi, Yasser al-Atta, na Ibrahim Gaber, bose ni abasirikare bakuru, ariko abasivile baharaniye ubwigenge n’impinduka, bagize uruhara mw’ikurwa rya al-Bashir bose bakuwe mu burongozi.

Kudeta y’igisirikare yo mu kwezi guheze yatumye haba imyiyerekano iyigwanya ku rwego rw’igihugu, ahasize ubuzima abantu 14 nkuko vyavuzwe n’abatabara.

Abatari bake bo mu mashirahamwe aharanira intwaro ya demokarasi barafashwe, mu gihe gushika ubu interineti itarasubira kwugururwa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG