Uko wahagera

Sudani: Abashikiranganji Bane Bapfunzwe Inyuma ya Kudeta Barekuwe


Jenerali Abdel-Fattah Burhan, atangaza iseswa rya reta mfatakibanza muri Sudani i Khartoum, kw'itariki ya 25/10/2021
Jenerali Abdel-Fattah Burhan, atangaza iseswa rya reta mfatakibanza muri Sudani i Khartoum, kw'itariki ya 25/10/2021

Umukuru w’igisirikare muri Sudani kuri uyu wa kane yarategetse irekurwa ry’abashikiranganji bane b’abasivile bari bapfunzwe kuva akoze kudeta mu kwezi guheze. Ni mu gihe amakungu abandanya gusaba ko ubutegetsi mfatakibanza bwari butumbereye gushikana igihugu kuri demokarasi busubizwaho.

Iyi ngingo ya Jenerali, Abdel Fattah al-Burhan, ije mu gihe igisirikare cavuze ko ishingwa rya reta nshasha ari ikintu cihutirwa gukorwa.

Jenerali Burhan, mu ndwi iheze yarakuye reta, apfunga abategetsi b’abasivile bari muri yo, barimwo n’umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok, yongera atangaza ko igihugu cinjiye mu bihe bidasanzwe.

Abashikiranganji barekuwe ni Hashem Hassabalrasoul, yari ajejwe ivyo gutumatumanako, Ali Geddo, yari ajejwe ubushikiranganji bw’ubudandaji, Hamza Baloul, yari uwo kumenyesha amakuru, na Youssef Adam ajejwe urwaruka n’inkiko.

Irekurwa ry’abo bashikiranganji ryabaye inyuma gato Jenerali Burhan aganiriye n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, adahengeshanya gusaba uwo mutegetsi wa gisirikare gusubizaho intwaro mfatakibanza ya demokarasi.

Burhan, umujenerali yahoze mu butegetsi ku ntwaro ya Bashir, yaremanze ko ivyakozwe n’igisirikare atari kudeta, ahubwo ari uguha iyindi nzira ubutegetsi mfatakibanza. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG