Ibiro vya Abdalla Hamdok yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Sudani yakuwe ku butegetsi muri kudeta yabaye mu ndwi iheze ashaka ko abapfunzwe barekurwa, inzego za reta zigasubizwaho imbere yuko yemera ibiganiro.
Hamdok apfungiwe i muhira iwe kuva reta yiwe itembagajwe n’umutegetsi mukuru w’igisirikare Jenerali Abdel Fattah al-Burhan muri kudeta yabaye kw’italiki 25 y’ukwezi kw’icumi y’uyu mwaka. Iyo kudeta yahugangabanije ikiringo mfatakibanza cari kigenewe gushika igihugu ku ntwaro y’igisivile. Bikaba vyatumye ibihugu bitanga imfashanyo vyo mu burengero bw’isi bizihagarika.
Burhan yatangaje ko ashaka gushiraho reta nshasha kandi ko Hamdok yogaruka kuyiyobora. Utwigoro tw’uguhuza impande zose tumaze imisi itari mike turiko turaba mu ntumbero y’ukuva mu bibazo bihari muri iki gihe biciye mu biganiro.
Amakuru atangwa n’umwe mu begereye Hamdok yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters ko ibiganiro biriko biraba, ko yamara ata masezerano arashikwako.
Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Sudani yatangaje ku musi wa mbere ko vyitezwe ko utwigoro tw’amakungu tw’uguhuza impande zitumvikana muri ico gihugu tuzogira ico dushitseko mu misi iri imbere. (Reuters)
Facebook Forum