Uko wahagera

USA: Abashingamateka Bemeje Izotohoza ku Migumuko Yabaye kuri Capitol


Abanywanyi ba Trump mu gitero kuri Capitol kw'itariki ya 6 y'ukwezi kwa mbere, 2021
Abanywanyi ba Trump mu gitero kuri Capitol kw'itariki ya 6 y'ukwezi kwa mbere, 2021

Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yemeje ishirwaho ry’umurwi wigenga w’itohoza ku migumuko yabaye ku ngoro ya Capitol kw’itariki ya 6 y’ukwezi kwa mbere. Ni igihe abanywanyi b’uwahoze ari perezida, Donald Trump bagerageza kubuza abashingamateka n’abasenateri kwemeza intsinzi y’umudemokrate, Joe Biden, yatahukanye mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Inama nshingamateka igenzurwa n’abademokrate, yafatanije na bamwe muba Republikani kugira iyo komisiyo ishingwe, umurwi ufitaniye isano y’uwigeze gushinwa ngo utohoze ku bitero vy’iterabwoba vya al-Qaida vyabaye muri Amerika mu 2001.

Ariko iryo tegeko risa nuko ritazokworoherwa kwemerwa muri Sena iciyemwo ibice muvya poritike, aho umukuru w’abarepublikani muri sena, Mitch McConnell kuri uyu wa gatatu yavuze ko ateye kubiri n’ishingwa ry’iyo kimisiyo.

Abarepublikani batari bake, benshi muri bo bakiri inyuma ya Trump naho yatsinzwe amatora kandi akaba yaravuye n’i Washington, bavuga ko badashaka ko uwo murwi wokwihweza uruhara yagize muri iyo migumuko ushingwa.

Trump yashuhuye ibihumbi vy’abanywanyi biwe kuri Capitol mu myiyerekano no kuburizamwo abashingamateka bariko bemeza intsinzi ya Biden. Abantu batanu barapfuye, abandi barenga 400 baramaze gufatwa gushika ubu no kwegekwako ivyaha.

Trump yarasohoye itangazo ku musi wa kabiri, asaba abarepublikani kutagwa muco yise umutego w’abademokrate igihe bokwemeza uyo murwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG