Uko wahagera

Abanywanyi ba Trump Barahiga Gusambura Inyubakwa ya Capitol


Uruzitiro rw'intsinga zirimwo inzembe kuri Capitol Hill i Washington, Isanamu yafashwe kw'italiki 19/01/2021.
Uruzitiro rw'intsinga zirimwo inzembe kuri Capitol Hill i Washington, Isanamu yafashwe kw'italiki 19/01/2021.

Abanywanyi ba Donald Trump bakoze igitero cahitanye ubuzima bw’abantu ku ngoro y’abashingamateka ya Amerika, Capitol, mu kwezi guheze, barahiga kwongera gutera no gusanzaza iyo nyubakwa no kwica abashingamateka n’abasenateri. Umukuru w’igiporisi kuri Capitol ivy’imfatakibanza yabivuze kuri uyu wa kane.

Uwo mukuru w’igiporisi, Yogananda Pittman, yavuze ko abo bayoboke ba Trump bategekanya kugaba ico gitero igihe Perezida Joe Biden azoba ariko arashikiriza ijambo abashingamateka n’abasenateri bakoranye.

Kugeza ubu, itariki Perezida Biden ategekanya gushikiriza iryo jambo ntiratangazwa, ariko bikunze kuba mu ntango z’umwaka.

Ingingo zikomeye zo gucungera umutekano kuri Capitol zisanzwe zarafashwe inyuma y’igitero co kw’italiki ya 6 ukwezi kwa mbere. Zirimwo gushiraho uruzitiro rw’intsinga no kwongereza abasirikare i Washington.

Abasirikare baharurwa mu 5 000 bategekanya kuhaguma gushika hagati y’ukwezi kwa gatatu.

Abanywanyi ba Trump bateye inama nshingamateka barondera kuburizamwo iyemezwa ry’intsinzi ya Joe Biden.

Abantu barenga 200 barahanwe n’ubutungane ku ruhara bagize muri izo ntureka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG