Uko wahagera

Perezida Felix Tshisekedi mu Gufasha Gutatura Amatati ku Ruzi Nil


Perezida Félix Tshisekedi wa Republika ya demokarasi ya Kongo.
Perezida Félix Tshisekedi wa Republika ya demokarasi ya Kongo.

Abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu ba Misiri, Etiyopiya na Sudani bazobonanira i Kinshasa kuva ku musi wa gatandatu, mu biganiro ku matati ivyo bihugu bifitaniye ashingiye ku rugomero rw’umuyagankuba Etiyopiya yubatse ku ruzi Nile. Abategetsi ba Republika ya demokarasi ya Kongo nibo babitangaje.

Abategetsi ba Kongo, mu bushikiranganji bw’imigenderanire, hamwe n’ibiro vya perezida, bavuze ko uwo mubonano w’imisi itatu uzoba urongowe na Perezida Felix Tshisekedi, asanzwe ari we arongoye ubumwe bwa Afrika kuva mu kwezi guheze. Umukuru wa Komisiyo y’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, nawe vyitezwe ko azoba muri iyo nama.

Mu ntango z’uku kwezi, Misiri na Sudani barumvikanye ko igihugu ca Kongo cofasha mu twigoro two gusubira kuvugurura ivyo biganiro kuri ayo matati kuri urwo rugomero.

Amatati kuri urwo rugomero rwubatswe ku ruzi Nile, agira akwize ikinyecumi c’imyaka. Nile, ni uruzi rwa mbere rurerure kw’isi, ruha amazi n’umuyagankuba ibihugu 10 rucamwo.

Etiyopiya ivuga ko urugomero rw’umuyagankuba yubatse ruzoha umuyagankuba abanyagihugu bayo imiriyoni 110. Misiri izeye uburaro n’uburamuko kuri urwo ruzi, ku bice 97 kw’ijana mu kuvomera imirima no kuronka amazi yo kunywa, ibona ko ibangamiwe n’uwo mugambi wa Etiyopiya.

Sudani yo ibona ko ingomero zayo zizokama mu gihe Etiyopiya yobandanya yuzuza urwo rugomero rwayo imbere y’uko bashika ku mwumvikano.

Ku musi wa kabiri, perezida wa Misiri, Abdel Fattah al-Sisi yavuze ko atawuzokwemererwa gutwara ima rimwe ku mazi yayo, atar’uko akarere kose kazoja mu mutekano muke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG