Uko wahagera

AU: Perezida Tshisekedi Yiyemeje Gufasha mu Matati ku Ruzi Nil


Perezida Félix Tshisekedi mu biro vyiwe i Kinshasa.
Perezida Félix Tshisekedi mu biro vyiwe i Kinshasa.

Perezida wa Republika ya demokarasi ya Congo, Felix Tshisekedi, aherutse gutorerwa kurongora umuryango w’ubumwe bw’Afrika, yiyemeje kuri uyu w’Imana ko agiye gufasha kugira amatati ashingiye ku rugomero ku ruzi Blue Nil Etiyopiya itumvikanako na Misiri na Sudani arangire.

Tshisekedi yatanguye ikiringo c’umwaka umwe nk’umukuru w’uwo muryango, yasubiriye perezida wa Afrika y’Epfo, Cyril Ramaphosa, mu nama yahuje abakuru b’ibihugu n’amareta mu mpera z’iyi ndwi.

Mw’ijambo ryarangije iyo nama y’imisi ibiri, Tshisekedi yavuze ko hari ubushake bwo gushika ku mwumvikano mu mahoro hagati y’ibihugu vyacanyemwo kubera urwo rugomero. Ibihugu biri muri ayo matati ni Misiri, Etiyopiya na Sudani.

Etiyopiya ivuga urwo rugomero yubatse ruzokwuzuzwa n’amazi y’uruzi Nil, kandi ruzotanga umuyagankuba ku miliyoni 110 z’abanyafrika.

Misiri, izeye yafi 97 kw’ijana y’amazi ya Nil mu kuvomera imirima no kunywa, ivuga ko uwo mugambi ari intambamyi ku gihugu.

Sudani yo yizeye ko uwo mugambi w’urwo rugomero uzogabanya imyuzure ikunda gutera igihugu, ariko ko ku rundi ruhande izindi ngomero zayo zizobura amazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG