Uko wahagera

Misiri Irasaba ONU Kuyifasha Gukemura Ikibazo Ifitanye na Etiyopiya


Sameh Shoukry ni umushikiranganji ashinzwe ubutwererane n'amakungu wa Misiri.
Sameh Shoukry ni umushikiranganji ashinzwe ubutwererane n'amakungu wa Misiri.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanzire wa Misiri, Sameh Shoukry, yasavye ku musi wa mbere urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi gufata ingingo iha amakungu uruhara mu twigoro tw’ugutorera inyishu amatati ari hagati y’igihugu ciwe na Etiyopiya. Aho ni ku kibazo c’urugomero rw’umuyagankuba rushasha rw’ico gihugu ku ruzi Nil, avuga ko rugeramiye ubuzima bw’abanyamisiri n’abanyasudani imiliyoni 150.

Sameh Shoukry yatangaje ko integuro y’iyo ngingo ijanye n’ivyavuye mu nama y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika yabaye ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Muri iyo nama, abategetsid b’ibihugu vya Misiri, Sudani na Etiyopiya bemeye kugaruka mu biganiro bigenewe gushika ku masezerano ku bijanye n’ukwuzuza amazi mu rugomero rw’umuyagankuba rushasha rwa Etiyopiya.

Umushkiranganji wa Misiri avuga ingingo y’urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi yashikirijwe isaba ivyo bihugu bitatu gushika ku masezerano mu kiringo c’indwi zibiri hamwe n’uko ata tuhande na rumwe rwofata ingingo n’imwe rutabanje kugisha inama izindi mpande ku bijanye n’urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Nil. Iyo ngingo kandi irashimikira ku ruhara rw’umunyamabanga mukuru wa ONU kuri ico kibazo.

Ibihugu vyose uko ari 15 bigize urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi birashigikiye ingingo yafashwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ko ibiganiro hagati y’impande zose uko ari 3 vyosubira kunagurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG