Uko wahagera

Ibiganiro ku Matati y'Urugomero ku Ruzi Nil Vyahagaze


Misiri na Sudani vyahagaritse ibiganiro na Etiyopiya ku matati yerekeye urugomero rw'umuyagankuba rwayo ku ruzi Nil.

Ivyo bibaye inyuma yuko Etiyopiya ishikirije iciyumvuro c’ugufatanya amasezerano ku rugomero rw’umuyagankuba rwayo n’amasezerano ku mazi y’uruzi Nil Bleu yosubirira ayo ku gihe ca gikoloni n’igihugu c’Ubwongereza.

Umushikiranganji ajejwe amazi n’ukuvomera w’igihugu ca Sudani, Yasir Abbas, avuga ko iciyumviro cashikirijwe na Etiyopiya kigeramiye ibiganiro vyari vyasubiye kubandanya ku musi wa kabiri.

Ibiganiro hagati y’ivyo bihugu bitatu, bihagarikiwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika biriko bigerageza gutorera inyishu amatati amaze imyaka itari mike ku bijanye n’ingingo ya Etiyopiya y’ukwubaka urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Nil.

Misiri na Sudani biriyamiriza ingingo ya Etiyopiya y’ukwuzuza amazi muri urwo rugomero ata masezerano abanje gushikwako hagati y’ivyo bihugu uko ari bitatu.

Mu gihe c’agatasi catanguye mu kwezi guheze muri Etiyopiya, mu vyongereza amazi y’uruzi Nil, ico gihugu gishaka kwuzuza amazi mu rugomero rw’umuyagankuba rwayo mu buryo bwihuta bushoboka.

Ikibazo c’urwo rugomero gishobora kuvamwo intambara mu karere kubera ibiganiro bimaze igihe bihagarariwe n’abahuza batandukanye harimwo Reta Zunze ubumwe z’Amerika ata nyishu vyashitseko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG