Uko wahagera

Amatati y'Urugomero Hagati ya Etiyopiya, Misiri na Sudani Arabandanya


Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu bwatangaje uno musi ku wa kane ko Etiyopiya yabwiye Sudani ko amakuru avuga ko yatanguye kwuzuza amazi mu rugomero rukomeye rwitwa, “Grand Ethiopian Renaissance Dam” ku ruzi Nil atariyo.

Uwunganira ambasaderi wa Etiyopiya ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, yabwiye umutegetsi akomeye muri ubwo bushikiranganji mu nama bagiranye ko igihugu ciwe kitarugara imiryango y’urugomero” Grand Ethiopian Renaissance Dam”.

Umushikiranganji ajejwe amazi wa Etiyopiya, Seleshi Bekele yatangaje kuri televiziyo ku musi wa gatatu ko kwubaka urwo rugomero n’ukurwuzuzamwo amazi bijana. Yatangaje ko kwuzuza amazi muri urwo rugomero bidakeneye kurindira gushika aho ruherahezwa. Abategetsi ba Etiyopiya biyemeje kubandanya ibiganiro n’abategetsi b’ibihugu vya Sudanai na Misiri bihagarikiwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku vyerekeye urugomero, “Grand Ethiopian Renaissance Dam”. Yamara ibiganiro hagati y’ivyo bihugu 3 vyabaye mu ntango z’iyi ndwi ntivyashoboye gushika ku masezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG