Uko wahagera

Ibiganiro ku Rugomero kuri Nil Vyongeye Kuvugururwa


Ibihugu vya Sudani, Misiri na Etiyopiya vyasubiye kuvugurura ibiganiro kuri uyu w’Imana ku matati bifitaniye y’urugomero Etiyopiya yubatse ku ruzi Nil.

Ivyo biganiro bizomara indwi, birimwo abashikiranganji b’ivyo bihugu bitatu bajejwe ivy’amazi, hamwe n’intumwa y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, ubumwe bwa Bulaya hamwe n’ibanki nkuru y’isi.

Ibiganiro bihitiye nta masezerano vyabashije gushikako.

Misiri, yizeye ku mazi ya Nil ku rugero hafi ibice 97 ku bikorwa vyayo vyo kuvomera imirima hamwe n’amazi yo kunywa, ibona ko urwo rugomero ari igitero ku gihugu.

Sudani yo yizeye ko urwo rugomero ruzofasha kugabanya imyuzure, ariko kandi yaragabishije ko ubuzima bw’abanyagihugu baharurwa mu mamamiliyoni bushobora kubangamirwa igihe Etiyopiya izokwuzuza amazi muri rwo.

Ku rundi ruhande, Etiyopiya ibona ko uwo mugambi ari ngirakamaro mu kuronka umuyagankuba ukwiye hamwe n’ibikorwa vy’iterambere mu gihugu, kandi ivuga ko ayo mazi ataco azokwonera ibindi bihugu.

Umushikiranganji wa Sudani ajejwe ivy’amazi yavuze ko bemeye kubandanya kuganira kuri ico kibazo mu murwi w’intumwa zitandatu harimwo zibiri ziserukira buri gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG