Uko wahagera

Kenya Ibaye Igihugu ca Gatanu muri Afrika Cakiriye Incanco za Covid-19


Indege ishikanye ku kibuga c'indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta, incanco za covid-19. Nairobi, Kenya, kw'italiki 03/03/2021.
Indege ishikanye ku kibuga c'indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta, incanco za covid-19. Nairobi, Kenya, kw'italiki 03/03/2021.

Kenya yakiriye umuliyoni umwe w’incanco za Covid-19 zahinguwe n’ikompanyi, Oxford-AstraZeneca ku wa kabiri mw’ijoro. Kibaye igihugu ca mbere co mu karere ka Afrika y’ubuseruko cakiriye incanco zahinguwe n’iryo hinguriro.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Mutahi Kagwe, yavuze ko incanco 400 000 zizohabwa abakora mu gisata c’amagara y’abantu mu gihugu.

Kenya ifise abanyagihugu bababa imiliyoni 50, bisigura ko umuliyoni umwe w’incanco ari nk’ima ry’amazi rikororewe mu gikemanyi.

Umushikiranganji Mutahi Kagwe, yahumurije abanyagihugu ko izindi ncanco zizoza kandi ko batogira ubwoba.

Kenya iri mu bihugu bike vyo muri Afrika bimaze kuronswa incanco z’umugera wa corona. Catherine Kyobutungi, arongoye ikigo kijejwe ubushakashatsi ku banyafrika n’amagara yabo, avuga ko ingorane Afrika igifise ari ukuronka incanco zikwiye hamwe no kurwanya amakuru akwirakwizwa atuma abantu batinya izo ncanco.

Kenya yaronse umuntu wa mbere yanduye covid-19 mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze. Gushika ubu, abanyagihugu barenga 100 000 baramaze kwandura hamwe n’abashika 1000 uwo mugera umaze guhitana. Ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko ntikirahagarika ingingo yo kubuza abanyagihugu gutembera mw’ijoro kandi carababujije amakoraniro kugira abandura ntibiyongere.

Kenya ibaye igihugu ca gatanu muri Afurika gihawe inkingo za Covid-19 muri porogarame ya Covax, inyuma y'u Rwanda, Ghana, Nijeriya na Côte d’Ivoire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG