Uko wahagera

Kenya: Abaganga Baragabisha Guhagarika Akazi Kubwo Kudakingirwa COVID-19


Abadogiteri bariko bigishwa ingene Bakoresha ibikoresho vyo kwikingira Covid-19 ku bitaro vy'i Mbagathi kuri Kenyatta Hospital i Nairobi
Abadogiteri bariko bigishwa ingene Bakoresha ibikoresho vyo kwikingira Covid-19 ku bitaro vy'i Mbagathi kuri Kenyatta Hospital i Nairobi

Abaganga mu gihugu ca Kenya bariko bagabisha kugarariza akazi bivuye ku kudakingirwa ikiza ca Covid-19.

Bagabishije gufata iyo ngingo mu kwezi kuza kiretse Reta itoreye inyishu impungenge zabo ku bikenewe kugira birinde ikiza c’umugera wa Corona.

Bagabishije kugarariza akazi inyuma yuko abaganga 10 bapfuye bahitanywe na Covid-19 muri uku kwezi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru i Nairobi, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abaganga muri Kenya, Chibanzi Mwachonda yamenyesheje ko abaganga bafise umugambi w’ukugarariza akazi kubera reta itabaha ibikenewe kugira birinde kwandura umugera wa Corona.

Atangaza ko bazobandanya kugarariza akazi gushika baronkejwe ivyo basaba.

Igihugu ca Kenya catakaje abajejwe amagara y’abantu 32 bahitanywe na cOVID-19, 10 muri bo mu ndwi zibiri zirangiye. Ivyo vyarashavuje abakozi bajejwe ubuzima. Ishirahamwe ry’abaganga rimenyesha ko inyishu ya reta kuvyo basavye vyose yaranzwe n’agacerere.

Prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta aherutse kwugurura ibitaro bishasha bifise ibitanda 100 ku bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abaserukira ibihugu vyabo muri Kenya. Muri ico gihe bamwe mu banyakenya bavuga ko basubijwe inyuma bagiye mu bitaro, basabwa kuguma i muhira iwabo.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abaganga muri Kenya, Chibanzi Mwachonda, yasavye reta gukoresha abaganga n’abandi bakozi bajejwe ivy’amagara y’abantu kuvura abarwaye mu bitaro bitandukanye mu gihugu. Avuga ko hari ikibazo c’abaganga mu gihugu.

Umurwi w’inama nshingamateka uzohura ku musi wa gatatu na ba bulamatari b’ibice bitandukanye vy’igihugu n’abandi bategetsi kugira baganire ku buryo bwotuma birinda ukugarariza akazi kw’abaganga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG