Uko wahagera

Kenya Yinjiye mu Gice ca Kabiri c'Abandura COVID-19 Benshi


Umuganga ariko afata ibipimo vy'umucanwa vy'abantu mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira rya Covid 19. Nairobi, Kenya, itariki 26/05/2020.
Umuganga ariko afata ibipimo vy'umucanwa vy'abantu mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira rya Covid 19. Nairobi, Kenya, itariki 26/05/2020.

Kenya iri mu bihe bikomeye vy’abantu bongeye kwandura ku bwinshi umugera wa corona, inyuma y’indwi nkeyi ingingo zari zarafashwe kugira uwo mugera ntukwirakwire zitezuwe.

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe amagara y’abantu yaragabishije ejo kuw’Imana ko igihugu kiriko cinjira mu bihe bitoroshe, inyuma yo gutangaza ko abantu bashasha barenga 600 banduye n’abatari bake bapfuye.

Abahinga bamwe bavuga ko bitazoroha gusubizaho ingingo zari zarafashwe ubwa mbere mu ntumbero yo kuwurwanya.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Kenya, Mutahi Kagwe yavuze ko igihugu caronse abantu indwi bapfuye ku musi w’Imana n’abarenga 685 bamaze kwandura.

Yavuze ko abategetsi bajejwe amagara y’abantu bafise ubwoba. Uwo mushikiranganji yavuze kandi ko ata nkeka igihugu kiriko cinjira mu kindi gice ca kabiri c’abandura, cane cane mu mabohero no mu makomine atandukanye mu gihugu.

Mu mezi aheze, Kenya yaragabanije amasaha yo kubuza abantu gutembere mw’ijoro, yongera irekura ububare n’amazu y’ubutambiro n’uburiro kwongera gukora. Mu ndwi iheze amashure yarongeye kwugururwa.

Kuva mu kwezi kwa gatatu, Kenya imaze kuronka abantu barenga 44 800 banduye Covid-19 hamwe n’abarenga 832 uwo mugera umaze guhitana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG