Uko wahagera

Kenya Yatezuye Ingingo Zimwe Zimwe kuri Covid-19


Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta
Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, kuri uyu wa mbere yemeye ko amazu y’ubunywero yongera kwugururwa no kugurisha inzoga, mu gihe abandura umugera wa corona babandanya bagabanuka muri ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, Kenyatta yatangaje ko atezuye ingingo zitari nke zari zafashwe mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya Covid-19, ariko yabaye arabangira ku kwugurura amashure.

Kenyatta yategetse ko ukudatembera mw’ijoro vyongerezwa iyindi minsi 60, ariko bizotangura kuva isaha zitanu z’ijoro aho gutangura isaha zitatu z’ijoro.

Ibitigiri vy’abemerewe gukoranira hamwe mu manza z’ubugeni no gupfuba ababo vyagwijwe kabiri gushika ku bantu 200, ndetse n’abemerewe gukoranira hamwe mu masengero bongerejwe ica gatatu ku gitigiri cari cemerewe.

Kenya imaze kuronka abarenga 38 16o bamaze kwandura covid-19 hamwe n’700 umaze guhitana kuva umuntu wa mbere agitangura kugaragara ko arwaye mu kwezi kwa gatatu. Ariko Kenyatta yagabishije ko abandura bashobora kwongera kwiyongera kandi ko ico gihe azoca asubizaho ingingo zikomeye.

Cokimwe n’ibindi bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, Kenya yarafashe ingingo zikomeye zo kurwanya ikwirakwira ry’uwo mugera. Izo ngingo ni kwugara imbibe ihana n’ibindi bihugu bibanyi, kwugara amashure, kubuza abantu kugenda mw’ijoro hamwe no guhimiriza abanyagihugu babishoboye gukorera mu rugo.

Kenyatta yavuze ko amashure azoguma yugaye kugeza bigaragaye ko uwo mugera utakiri intambamyi. Reta yatangaje ko uyu mwaka w’ishure ubaye impfagusa, ko amashure azosubira kwongera kwugurura mu 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG