Uko wahagera

Irani Yanse Kuganira na Amerika kuri Masezerano ya Nikleyeli


Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif ateze amatwi mugenzi we w'Uburusiya, Sergey Lavrov i Moscou, mu Burusiya, Kw'italiki ya 26/01/2021
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif ateze amatwi mugenzi we w'Uburusiya, Sergey Lavrov i Moscou, mu Burusiya, Kw'italiki ya 26/01/2021

Irani kuri uyu w’Imana yanse kwitaba akamo k’ishirahamwe rya Bulaya ritumako inama na Reta zunze ubumwe za Amerika ku masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015. Irani ivuga ko iyi nama itumweko mu gihe atari ciza kuko Amerika yananiwe no guhanagura ibihano yayifatiye.

Umuyobozi w’ubumwe bwa Bulaya mu vya politike muri uku kwezi yaratumyeko inama yohuje izo mpande zibiri kuri ayo masezerano yapfundikiwe i Vienne muri Autriche. Reta ya Joe Biden yaremeye kuzoyitabira.

Inyuma y’itorwa rya Biden, Amerika, ibihugu vya Bulaya vyasinye ayo masezerano hamwe na Irani baragerageje kurokora ayo masezerano asa n’ayariko arazimangana kuva aho uwahoze ari perezida wa Amerika ayaviriyemwo mu 2018 kandi agaca ahata Irani ibihano vy’urukurikirane.

Perezida Biden yavuze ko yiteguye gusubira muri ayo masezerano, ariko yarashimitse ko Irani ibwirizwa kubanza gusubira kuvyo yiyemeje gukurikiza muri ayo masezerano. Ariko Irani isaba Amerika kuba ari yo ifata intambuko ya mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG