Uko wahagera

Khamanei Avuga ko Irani Ishobora Kwongereza Uranium kuri 60 kw'Ijana


Umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei ariko arabonana n'abahinga bo muri Irani i Tehran, Iran, kw'italiki 22/02/2021.
Umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei ariko arabonana n'abahinga bo muri Irani i Tehran, Iran, kw'italiki 22/02/2021.

Umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yavuze kuri uyu wa mbere ko Irani ishobora kwongereza urugero rwo guhingura Uranium kurwo igihugu gikeneye, gushika no kuri 60 kw’ijana.

Ni mu gihe bitaradadanuka hagati ya Irani na Amerika bagiharira kuri kazoza k’amasezerano ya Nikleyeli. Televiziyo ya reta yavuze ko Khamenei yavuze ko Abanyamerika n’abanyabulaya bakoresha imvugo z’akarenganyo kuri Irani.

Mu masezerano yo mu 2015 hagati ya Irani n’ibindi bihugu bitandatu rutura, Irani yasabwe kugabanya urugero rwa Uranium gushika ku bice 3.67.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Ned Price, yavuze ko ivyavuzwe na Khamenei biboneka ko ari iterabwoba.

Mu ndwi iheze, reta ya Joe Biden yavuze ko yiteguye kuganira na Irani kuvyo kugarukana ivyo bihugu bibiri muri ayo masezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG