Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yavuze ko yiteguye kuganira na Irani ku masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015, yari atumbereye kubuza Irani kuronka ibirwanisho vya Nikleyeli. Ni mu ntumbero yo kurokora amasezerano Amerika yavuyemwo haraheze hafi imyaka itatu.
Irani yakiranye igishika ico ciyumviro ca Amerika, cashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, mu nama yagiranye hifashishijwe ubuhinga bwa Videwo conference na bagenzi biwe b’imigenderanire b’Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi bari i Paris.
Blinken yavuze ko reta ya Joe Biden yiteze kugaruka muri ayo masezerano igihe Irani yosubira ku murongo igasubira kuyubahiriza.
Umwe mu bategetsi ba Amerika yabwiye itororokanirizo ry’Amakuru Reuters ko Amerika yiteze kuzokwitaba ubutumire bw’ishirahamwe rya Bulaya ryipfuza kuyumvikanisha na Irani.
Ubwongereza, Ubufaransa n’Ubudagi vyakiranye urweze umwitwaririko wa Biden wo gusubira muri dipolomasiya na Irani. Ariko umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, we yavuze ko Amerika ari yo ikwiye gufata intambuko ya mbere mu guhanagura ibihano igihugu ciwe cafatiwe imbere y’ibindi vyose.
Facebook Forum